NATACHA NGENDABANKA (LA BOSS)AGIYE GUKORA INDIRIMBO IRIKUMWE N'AMASANAMU IFISE AGACIRO K'IMILIONI 500.

1 / 1

1.

Muri kino gihe umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka abanshi bita LA BOSS ari mu gihugu ca Tanzanie,aho yagiye muntumbero yo gukora indirimbo irikumwe n'amasanamu.

Muri ico gihugu, Natasha akaba amaze gukora ibiganiro ku binyamakuru bitari bike kandi bikomeye, aho bamwakiriye n'igishika cinshi mu kumuha ibiganiro ku ma television atandukanye

Muri ivyo biganiro umuririmvyikazi w'umurundikazi Natasha akaba yamenyesheje ko ashaka ko Video agiye gukora yoba ifise agaciro ka Miliyoni 500 z'amarundi .

umuririmvyikazi Natacha azwi kw'izina rya LA BOSS akaba atwara idarapo  mubaririmvyi b'abarundi bamaze gukora indirimbo nyinshi hanze y'igihugu kandi zitwara uburyo bwinshi.