NYENICUBAHIRO ANGELINE NDAYISHIMIYE YAGIRANYE IKIGANIRO NA MARGARET KENYATTA .

NYENICUBAHIRO ANGELINE NDAYISHIMIYE YAGIRANYE IKIGANIRO NA MARGARET KENYATTA .

Ku musi w'ejo igenekerezo rya 31 Rusama 2021,umutambukanyi w'umukuru w'igihugu c'Uburundi Nyenicuhahiro Angeline Ndayishimiye yaraganiriye na mugenziwe umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca kenya Nyenicubahiro Margaret Kenyatta. 

Bompi bakaba baganiriye kubijanye no gufashanya mu migambi y'iterambere ry'umukenyezi, kwitaho amagara y'umukenyezi hamwe n'umwana w'umwigeme.

Inyuma yikiganiro, Angeline Ndayishimiye yaragendeye itabariro hamwe n'ikigo citaho amagara y'abantu kigakorerwamwo n'ubushakashatsi JOOTRH mu gisagara ca Kisumu.

Inyuma yo kugendera ico kigo Angeline Ndayishimiye yaciye asiga ahateye igiti nk'ikimenyetso c'urugendo agize muri ico gihugu na cane cane muri ico gisagara ca Kisumu.