PENIEL NATION STUDIO IRIKO IRAMENYEKANISHA ALBUM "HOSANA" YA BENISE SWEETBEATS.

1 / 1

1.

Nyuma y'igihe kitari gito havutse umugambi wo gutangura inzu (studio) yiswe Opera record, iyo nayo ikaba yarifise intumbero yo guhinyanyura umuziki, amasanamu,  gufasha abaririmvyi guteza imbere impano zabo no kuzivyazamwo umusaruro , ikaba yari yatangujwe n'umurundikazi UWIMANA laura abenshi bazi kw'izina rya IRRY TINA  Miss Planete 2020 asanzwe aba mu gihugu ca Uganda ari naho Opera record yari ifise ibiciro.
Muri kino gihe Opera Record yahavuye ihindura izina, ubu ikaba yasubiye gutangura ibikorwa vyayo yitwa PENIEL NATION.

N'ibihe bikorwa biriko bikorerwa muri PENIEL NATION?

Nkuko ibikorwa vya PENIEL NATION harimwo guteza imbere ingabirano z'umuririmvyi hamwe no kumenyekanisha ibikorwa vy'abaririmvyi bakorana nayo kuko yabonye ko babura ababamenyekanisha, Peniel Nation muri kino gihe ifise amasezerano yo gukorana n'umuririmvyi w'umundikazi Benise Sweetbeats asanzwe aba mu gihugu c'ubwongereza akaba asanzwe aririmba indirimbo zo guhayagiza Imana (Gospel).

Studio Peniel Nation yiyemeje gukorana mu mice 2 n'uyo muririmvyikazi Benise Sweetbeats yaraheruka gukora urukurikirane rw'indirimbo zihayagiza Imana yataziriye HOSANA.
Urwo urukurikirane rugiye kumenyekanishwa mu bihugu vyose bigize akarere k'afrika y'ubuseruko eka mbere no kw'isi yose nkuko vyemezwa n'uwuserukira studio Peniel Nation imbere y'amategeko.
Ikindi twamenyeshejwe n'uko ibikorwa vyo kumenyekanisha Urukurikirane (Album)ya Benise Sweetbeats, uyo murundikazi asanzwe aba mu gihugu c'ubwongereza azoca abandanya akora nkuko biri mu masezerano. 
UWIMANA Irene Laura Miss Planete 2020 ahagarariye Studio PENIEL NATION ahamagarira abaririmvyi b'abarundi eka mbere n'abo mu karere k'afrika y'ubuseruko  kwitura iyo studio ibafashe mukubakorera indirimbo zigezweho kuko ifise ibikoresho karuhariwe mu gukora umuziki uri k'urwego mpuzamakungu kandi izonabafasha kuzimenyekanisha.