PRIMUSLIGUE2020-2021: INKINO  4 HAGATI Y'IMIGWI Y'ABA "FANS CLUBS.

PRIMUSLIGUE2020-2021: INKINO  4 HAGATI Y'IMIGWI Y'ABA "FANS CLUBS.

Mu rugamba rudasazwe rwo gusozera ihiganwa Primusligue 2020-2021, ishirahamwe Brarudi n'ikinyobwa PRIMUS  kiriko kiritunganya neza mukunezereza iyo migwi yaba "Fans clubs".

Muri urwo rukino hariho abafana bagiye baratsinda ndetse baranatahukana udushimwe.
Abatsinze n'abo bakaba ari aba:

-Urukino Kayanza United-Musongati (1-0).Muri fans club Kayanza United niyo yatahukanye agashimwe.

-Urukino Vital'O FC -Messeger Ngozi (1-1). Muri fans club Messeger Ngozi niyo yatahukanye agashimwe.

-Bumamuru FC - Rukinzo FC( 2-0).Muri fans clubs agashimwe katahukanye Bumamuru FC .

Bikaba vyamenyeshejwe ko ihiganwa rya Primusligue rizosubira kubandanya kuwa 29 n'uwa 30 Ndamukiza n'inkino z'indwi igira 27 bakaba bipfurije abasigaye mwihiganwa gutahukana ako gashimwe mu migwi yabo.