Reta irasabwa gukingira amasoko.

Reta irasabwa gukingira amasoko.
???? Isanganiro

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ntwarante 2021, umuyobozi mukuru ajejwe gukinga ibiza n'isibe yagirishije inama avuga ku vyerekeye ibiza vy'imiriro vyibonekeza mumasoko i Burundi.

Kudandariza amavuta y'amamesa  mu masoko hamwe n'abakora amatara mu masoko batabifitiye ubumenyi ivyo nibimwe bishobora gutuma igitigiri  c'amasoko asha ciyongera mu Burundi.

Umuyobozi mukuru ajejwe gukinga ibiza n'isibe  Anicet Nibaruta arasaba Leta gukora uko ishoboye mu gushira ku masoko yose ibisabwa mu ntumbero yo gukingira amasoko mu Burundi.