RETA Y'UBURUNDI IRABESHUZA INKURU ZIVUGA KO IKORA URUDANDAZWA RW'BANTU

RETA Y'UBURUNDI IRABESHUZA INKURU ZIVUGA KO IKORA URUDANDAZWA RW'BANTU

Kuri uyu wa gatatu no ku wa kane ku magenekerezo ya 21 na 22 Ndamukiza 2021, Inama nshikiranganji  yarakoranye aho ibeshuza inkuru zivuga ko mu Burundi hariho urudandazwa  rw'abantu

Ivyo bikaba ari ivyo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yagirije  Reta y'Uburundi kuba ifise uruhara mu rudandanzwa  rw'abantu.

Umunyamabanga mukuru wa Leta Prosper Ntahorwamiye asigura ko abagenda baba bagiye kurondera ubuzima canke kurondera akazi mu bindi   bihugu. 

Prosper Ntahorwamiye yongeye aributsa ko Uburundi bwateye umukono ku masezerano   mpuzamakungu ajanye no kurwanya    urudandazwa rw'abantu .