RETA Y`UBURUNDI NGO IRITEGURIYE KWAKIRA ABARUNDI BANGANA IBIHUMBI 140.000 BARI BAHUNGIYE MURI TANZANIYA .

1.

 ibihumbi 140 000 vy`abarundi bahunze igihugu nibo bitezwe kwakirwa bavuye mu gihugu ca Tanzania muri uyu mwaka wa 2021-2022. Ivyo vyashikiririjwe mu nama y'inyabutatu igira iya 22 hagati y'Uburundi, Tanzaniya n'ishirahamwe HCR, ryitaho impunzi kw'isi yabaye kuri uyu wa mbere.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko Uburundi bwiteguriye kwakira umurundi uwo ariwe wese yipfuza gutahuka mu gihugu c'amavukiro.

Martin Niteretse asigura ko atawotinya ngo ntagira ahaba canke ivy’amashure ku bana, kuko vyose leta yavyiteguriye neza.