ROMEO ININAHAZWE ARONGOYE AMICAL DES MUSICIENS YARASHIKIRIJE IBIMAZE KURANGURWA MURI IRYO SHIRAHAMWE.

1 / 1

1.

Kuri uyu  wa mbere igenekerezo rya 10 Rusama 2021  Romeo Ininahazwe asanwze  aramutswa  ishirahamwe ry`abaririmvyi Amical des musiciens ryaratunganije  inama yahuje abaririmvyi, abamenyeshamakuru, abaserukira ikigo ndangamico c’abafaransa mu Burundi, abaserukira ubushikirangaji bw’inkino, imicokama  n’iyinjira ry’Uburundi muri EAC mu nyubakwa za club du Lac Tanganyika.

Intumbero yiyo nama kwari ugushikiriza abaririmvyi ibimaze kurangurza kuva aho atanguriye kurongora iryo shirahamwe.Romeo Ininahazwe akaba yemeje ko abaririmvyi bitabiriye kurugero rushimishije umugambi wo kwiyandikisha hamwe no gutanga intererano ya buri kwezi.

Uwo arongoye iro shirahamwe yarangije avuga ko amatora agiye gutegurwa vuba, nayo umuntu wese yiyandikishije akaba afise uburenganzira bwo gutora no kwitoza.