Rumonge : ABANYESHURE BO MU MWAKA W'ICENDA BASABWA GUKORANA IKIBAZO UMUTIMA UTEKANYE

Rumonge : ABANYESHURE BO MU MWAKA W'ICENDA BASABWA GUKORANA IKIBAZO UMUTIMA UTEKANYE

Mugihe kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 25 Rumonge ariho mu gihugu cose hazotangura ikibazo giha uburenganzira abanyeshure bo mu mwaka w'icenda w'ishure shingiro co kurengana mu kindi gice, ico kibazo mu ntara ya Rumonge imyiteguro ni yose.

Isaac Ndikuriyo umuyobozi w'indero mu ntara ya Rumonge amenyesha ko abamenyeshure baronse umwanya ukwiye wokwitegurira ico kibazo akanashima ukuntu abigisha bitanze batiziganya mukugira ngo intonde z'ivyigwa ziherane n'ukwezi kwa kane. Yabandanije amenyeshesha ko abamenyeshure baronse umwanya ukwiye wo gukora ibibazo vyokwimenyereza.

Asaba anyeshure gukorana umutima utekanye ico kibazo.

Ico kibazo kikaba citezwe gukorwa n'abanyeshure barenga ibihumbi bitandatu (+6000)muri uyo ntara ya Rumonge isanzwe yari imaze igihe ironka amanota atari meza n'ibibanza vyinyuma muri bene ivyo bibazo vy'igihugu.