Rumonge : BATANGUYE IBIKORWA VYIBANZE VYO KUBAKA INYUBAKWA YA ZONE 

Rumonge : BATANGUYE IBIKORWA VYIBANZE VYO KUBAKA INYUBAKWA YA ZONE 

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2021, abenegihugu bo muri zone Minago komine Rumonge intara ya Rumonge  bitavye akamo batewe n'umukuru wa zone Minago ko kwegeranya amabuye azubaka ibiro vya zone.

Ivyo bikorwa vyari vyitabwe n'imvukira za zone Minago zikorera imirimo itandukanye mu ntara zo hagati bikaba vyari vyatewe iteka kandi n'umukenguzamateka wo mu ntara ya Rumonge akaba ari n'imvukira ya zone  Minago Honorable Nibitanga Ndutura.

Mw'ijambo ryiwe uwo mukenguzamateka akaba yasavye imvukira za zone Minago gukorera hamwe bakagiriranira urukundo kuko ahatari urukundo atabikorwa vy'iterambere biharangwa.

Umukenguzamateka NIBITANGA NDUTURA yasavye abenegihugu baho mu Minago kubandanya bikingira ikiza koronavirisi gihanze isi.

Inyuma y'ibikorwa rusangi akaba yaciye aha ikarata yo kwivurizako (CAM)  ba ntahonikora  bo mugacimbiri Mbigiri k'umutumba Minago.