Rumonge: UMUSHINGAMATEKA WO MU NTARA YA RUMONGE YATANZE INTEBE IJANA K'UMASHURE ATATU.

Rumonge: UMUSHINGAMATEKA WO MU NTARA YA RUMONGE YATANZE INTEBE IJANA K'UMASHURE ATATU.

Kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 10 Ruheshi 2021 , umushingamateka Ntakiyiruta Obede yatowe muntara ya rumonge akaba n'imvukira ya zone Minago yaratanze intebe ijana kumashure nshingiro atatu ariyo Kibozi,Vumbaganya na Gitwe.

Uwo mushingamateka avuka muri zone Minago avuga ko yatanze izo ntebe kugira ngo ashigikire igisata c'indero muri iyo ntara ya Rumonge na cane cane muri zone Minago.

Bamwe mu barezi n'abavyeyi no kuri ayo mashure barashima iyo ntererano bagasaba ko nabandi nk'imvukira ko zobonerwaho bakemeza ko ikibazo c'intebe c'ibonekeza aho mbere abana bari basigaye bicara ari batanu ahandi naho bakicara hasi kugira ngo bakurikirane ivyigwa.