RWARUKA RWIZE AMATEGEKO MUNDINGANIZO YA BMD RWEMEREWE KWINJIRA MU MU RWEGO RW'ABABASHINGWAMANZA.

1 / 1

1.

Mu gatondo ko kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 17Rusama 2021 urwaruka rwize igisata c`amategeko  bahaye ikigqniro abamenyeshamakuru .

Muri ico kiganiro Jean Paul Nshimirimana aserukira imbere y'amategeko ishirahamwe AVSPDD akaba yamenyesheje ko bashimiye uwurongoye sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura ku ngingo yafashe yo kubarenganura kw'ikumirwa bariko baragirirwa ngo ni uko bize mu ndinganizo nshasha.

Urwo rwaruka rurashimira kandi abo mu nzego z'abashingwamanza ba Bujumbura na Gitega batahigimanze kuri iyi ngingo yafashwe na Sentare.

Iryo shirahamwe ry'urwaruka riharanira ubutungane kuri bose rikaba rivuga ko rizokora uko rishoboye kugira ngo abarundi bose bamenye amategeko kandi bashikirwe n'ubutungane.

Urwo rwaruka rukaba rwari rumaze imyaka indwi ruharanira uburenganzira bwabo nk'uko vyamenyeshejwe .

Ubu, urwo rwaruka rwize mu ndinganizo nshasha ya Kaminuza rukaba rugiye gukora uwo mwuga w'abashingwamanza nk'abandi bize mu ndinganizo ya kera, bafise impapuro z`umutsindo za Licence.