SERGIO RAMOS NTAKIBARIZWA MURI REAL MADRID.

1 / 1

1.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17 Ruheshi 2021 inyuma y' umutaga niho  Sergio Ramos yasezera Real Madrid ko ayivuyemwo. Muri uyo mwanya,  

Ramos yabikubwiye  na Florentino Perez arongoye umugwi wa Real Madrid imbere y' ibinyamakuru bitandukanye. 
Muri uyo mwanya amosozi niyo yasanze Sergio Ramos igihe yariko araserazera. Mw'ijambo yashikirije ibinyamakuru yarashimiye umugwi wa Real Madrid, abafana buyo mugwi n'abamenyeshamakuru. 

Ramos yaramaze imyaka 16 muri Real Madrid , aho yashitse muri uyo murwi avuye muri FC Séville hari muri 2005.
Ivyo yakoze muri ico kiringo cose n'uko yakinye inkino 671, yinjiza ibitsindo 101,atanga pasi zivamwo ibitsindo 40,yararonkejwe ikarata zitukura 26.

Sergio Ramos yafashe Real Madrid gutwara ibikombe vya UEFA,ibikombe 4 vya Champions League,5 vya Laliga, 2 Spanish Cup, 2Spanish Super Cup,2Club World Cup, 
4 UEFA Super Cup. 

Carlo Ancelotti akaba yari yahanuye Sergio Ramos ko atofata ingingo yo kuva muri uyo murwi ariko Ramos nawe aranka kuko yishakira kuja kurondera ahandi.
Marcelo niwe agiye kuba kizigenza(Capitaine) wa Real Madrid umwunganizi we akaba Raphaël Varane.