UBURUNDI BUGIYE GUKORESHA IKIBANZA BUFISE MURI CEEAC MU GUKOMEZA AMAHORO N UMUTEKANO MU BINDI BIHUGU. 

UBURUNDI BUGIYE GUKORESHA IKIBANZA BUFISE MURI CEEAC MU GUKOMEZA AMAHORO N UMUTEKANO MU BINDI BIHUGU. 

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Rusama 2021, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Uburundi n'ayandi makungu yamenyesheje ko Uburundi bugiye gukoresha ikibanza bufise mu muryango w'ibihugu vyo muri Afrika  yo hagati CEEAC mu gukomeza amahoro n'umutekano mu bindi bihugu.

Isidore Ntirampeba yabishikirije mu nama barimwo igira 51 y'umurwi  w'ishirahamwe  mpuzamakungu ONU iriko ibera i Bujumbura. 

Uburundi bukaba aribwo mbere buramukwiwe kurongora uwo murwi mu kiringo c'amezi 6.