UBURUNDI NA TANZANIA VYIYEMEJE GUSHIRA INGUVU  HAMWE MW'ITERAMBERE

UBURUNDI NA TANZANIA VYIYEMEJE GUSHIRA INGUVU  HAMWE MW'ITERAMBERE

Kuri uyu wa gatanu, nyenicubahiro umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yarungikiye ubutumwa mugenzi we w'igihugu kibanyi ca Tanzaniya Mama Samia Suluhu Hassan.

Umushikiranganji ajejwe imigabo n'imigambi y'Uburundi mu muryango  wa Afrika y'ubuseruko Amb.Ezéchiel NIBIGIRA akaba n'intumwa ya Nyenicubahiro umukuru w'igihugu yamenyesheje ko umukuru w'igihugu c'Uburundi ahoza abavukanyi ba Tanzaniya  babuze nyenicubahiro Dr.John Pombe Magufuri  kandi yongera anakeza  umukuru w'igihugu aramutswa Tanzaniya ubu.

Mu butumwa bwa nyenicubahiro umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye arakenguruka umubano mwiza no gushigikirana birangwa hagati y'ibihugu vyompi nk'uko Tanzaniya iherutse gutera akamo mu makungu isaba ko Uburundi bwokurwako ingingo zagahotoro bwafatiwe n'ishirahamwe  ry'ubumwe bwa buraya.

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yabandanije ashimira amenyesha umukuru w'igihugu wa Tanzaniya y'uko Uburundi bwipfuza gutsimbataza cane uwo mubano mwiza n'ugufashanya mu bisata  bitandukanye harimwo n'igisata c'amabarabara na canecane muri wa mugambi ujanye no kwubaka ibarabara ry'indarayi.

Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya Mama Samia Suhulu Hassan, mw'ijambo yashikirije yashimye uko umubano wifashe hagati y'ibihugu  vyombi arongera yizeza umukuru w'igihugu c'Uburundi ko Tanzaniya itazohengeshanya gushigikira Uburundi kanatsinda abarundi ni abagenzi, ababanyi beza b'ukuri.

Umukuru  w'igihugu ca Tanzaniya yaboneyeho kandi kumenyesha mugenzi we ko imigambi yose bumvikanye ijanye n'iterambere ry'ibihugu n'abenegihugu baserukira izobandanya kurangurwa.