UBUSHIKIRANGANJI BWAGENYWE GUKORERA,MU NTARA YA GITEGA BUSABWA KUJAYO.

Ubushikiranganji bwagenywe kuja gukorera ku murwa mukuru wa politique i Gitega busabwa kubishira mu ngiro kuko mu gihe Leta yoguma iriha amazu atariko arakorerwamwo rwoba ari uruhombo

1.

Kuri uyu wakane igenekerezo rya 20 Rusama 2021,icegera c’umukuru w’igihugu Prosper BAZOMBANZA rugendo yagize i Gitega mu bisata bitandukanye. Yashimye ko ubushikiranganji bw'uburumyi, ubworozi n'ibidukikije bwamaze gushika i Gitega hamwe n'ibisata bimwe bimwe vy'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n'umutekano nkuko bwabisabwe, Ubushikiranganji bw'indero n'ubwo gufatana mu nda nabwone ngo bukaba bugiye guhamvya ubwo bwamaze gushikayo.