UBUSHIKIRANGANJI BW'AMAGARA Y'ABANTU  BWARATUNGANIJE INDWI YAHARIWE AMAGARA Y'UMUVYEYI N' IBIBONDO

UBUSHIKIRANGANJI BW'AMAGARA Y'ABANTU  BWARATUNGANIJE INDWI YAHARIWE AMAGARA Y'UMUVYEYI N' IBIBONDO

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 15 Ruheshi 2021, umwunganizi w'umushikiranganji w'amagara y'abantu yamenyesheje ko batunganije indwi yahariwe amagara y'umuvyeyi n'ibibondo kuva igenekerezo rya 16 z'uku kwezi gushika kurya 18.

Onesphore Nzigirabarya asigura ko iryo isekeza abana bafise hagati y'amezi 6 n'imyaka 5 bazoronswa amama ya Vitamine A akinga uruhumyi.

Yongeye amenyesha ko abashikana imyaka 14 hamwe n'abakenyezi bibungenze kuva ku mezi 3 bazoronswa ibinini vy'inzoka .

Onesphore Nzigirabarya atera akamo abajejwe intwaro gufasha mu guhimiriza abanyagihugu  kwitabira iryo sekeza.