UKWIPFURIZANYA UMWAKA MUSHASHA NUKURABIRA HAMWE UKO UMURYANGO W'ABASHUBI WIFASHE MU RUMONGE

Abahurikiye mumuryango wabashubi mu ntara ya Rumonge bakoraniye hamwe kuri uno w'Imana 14 Ruhuhuma.

UKWIPFURIZANYA UMWAKA MUSHASHA NUKURABIRA HAMWE UKO UMURYANGO W'ABASHUBI WIFASHE MU RUMONGE

Umuryango w'abashubi mu ntara ya Rumonge  wakoranye mu nyubakwa ya TERAMA iri muri karitiye Birimba mu gisagara ca Rumonge mu ntara ya Rumonge kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2021.

Hari mu ntumbero yo kwipfurizanya umwaka mushasha no kurabira hamwe aho umuryango ugeze mu bikorwa vy'iterambere muri iyo ntara.

Agrippine NDUWIMANA arongoye uwo muryango mu ntara ya Rumonge yamenyesheje ko ari akaryo keza ko kurabira hamwe ibikorwa umuryango ugezeko no kwihanura aho bitagenze neza.

Ivyo bikorwa bikaba vyarangijwe nukwiginana.