UMUGAMBWE SAHWANYA FRODEBU - NYAKURI WAHINDUYE IZINA

UMUGAMBWE SAHWANYA FRODEBU - NYAKURI WAHINDUYE IZINA

Mw'ikoraniro ridasanzwe ry'umugambwe SAHWANYA FRODEBU - NYAKURI ryabaye kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Rusama 2021, Keffa NIBIZI niwe yasubiye gutorwa ngo atware uwo mugambwe mukindi kiringo gikurikira c'imyaka indwi.

Imbere y'uko haba amatora y'uwugiye gusubira gutwara uwo habanje guhinyanyurwa amategeko mashasha aho twovuga kubijanye n'ikiringo kuko ubu ikiringo cuburongozi bw'uwo mugambwe cavuye kumyaka itanu kija k'umyaka indwi(Keffa NIBIZI azotwara uwo mugambwe imyaka ibdwi yiyongera kuyo yaramaze awutwa).
Iyindi ngingo yafatiwe muri iryo koraniro ni iyo guhindura izina ry'uwo mugambwe SAHWANYA FRODEBU-Nyakuri igiye kwitwa CODEBU(Conseil pour la Démocratie et de Développement Durable du Burundi-Iragi rya Ndadaye).