UMUGWI WA ISTANBUL BASAKSEHIR MURI 1/2 C'IGIKOMBE CITIRIWE TURQUIE.

umugwi wa ISTANBUL BASAKSEHIR ugiye waronse uburenganzira bwo gukina kimwe ça kabiri c'ihiganwa coupe de la Turquie ,aho ni nyuma uronkeye igitsindo ca kabiri kuri kimwe c'umugwi wa FENERBACHE.

1 / 1

1.

Umukinyi w'umurundi Yussuf_NDAYISHIMIYE(Nyange ) asanzwe akina no mu mugwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba ,Ubu akinira umugwi wa ISTANBUL BASAKESEHIR bahejeje gukina urukino rwa kimwe ca kane gishira icanyuma(1/4 de finale) rw'igikombe c'igihugu ca Turquie(Coupe de Turquie) ,aho basezereye umugwi wa FENERBACHE mu kuwutsinda ibitsindo 2-1 ,Bakinye iminota 120 yose inyuma yaho iminota 90 yagenewe urukino yaheze banganya igitsindo 1-1, maze babongera iminota 30 y'agasunuzo, umugwi wa ISTANBUL BASAKSEHIR uca utsinda igitsindo ca kabiri gica  kibaha uburenganzira bwo kwinjira muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma.

Yussuf NDAYISHIMIYE(Nyange)  yatanguye mu rutonde rw'abakinyi 11 akina iminota yose 120 y'urwo rukino.