UMUGWI W'IGIHUGU C'ARGENTINE NIWO WATAHUKANYE COPA AMERICA 2021.

1.

Umurwi w'igihugu c'Argentine niwo waraye utahukanye ibikombe ca Copa America 2021,aho n'inyuma yo gutsinda umugwi w'igihugu ca Brésil igitsindo kimwe k' ubusa hari m' ubucagucagu bwo kuri uyu w' Imana igenekerezo rya 11 Mukakaro 2021.
Ico gitsindo ca Argentine cinjijwe na A.Di Maria k' umunota wa 22  urukino .
Umurwi w'Argentine utwaye Copa America Ku ncuro ya mbere kuva 1993.

Muri urwo rukino Leon Messi  niwe yatowe nk' umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi(4buts), yongera aba umukinyi yatanze imipira  myinshi myiza ishikira abo igenewe(passe décisives) yongera aba umukinyi yigenjeje neza gusumvya abandi muri iyo higanwa.