UMUKINYI MIKE-TRESOR NDAYISHIMIYE YAGIZE AMASEZERO N'UMURWI MUSHASHA WO MUGIHUGU C'UBUBIRIGI.

UMUKINYI MIKE-TRESOR NDAYISHIMIYE YAGIZE AMASEZERO N'UMURWI MUSHASHA WO MUGIHUGU C'UBUBIRIGI.

Umukinyi w'umurundi Mike-Tresor Ndayishimiye kuri uyu wagatatu igenekerezo rya 7 Mukakaro 2021 yashize umukono k'umasezerano y'imyaka igera kuri ine mumurwi mushasha wa KRC GENK wo mucicaro ca mbere JUPILER LEAGUE mu gihugu ca Belgique .

Uyo mukinyi w'umurundi akaba avuye mu murwi wa WILLEM2 wo mucicaro ca mbere mu gihugu ca Hollande,uyo musore mu mwaka w'inkino urangiye wa 2020-2021 yatsindiye uwo murwi ibitsindo bitanu yongera atanga imipira cumi n'ibiri yavuyemwo ibitsindo mu nkino 37 yakinye mumurwi yahoramwo .

Umurwi wiwe mushasha wa KRC GENK uzokina inkino za Europa League mu mwaka mushasha w'inkino wa 2021-2022.