UMUKURU W IGIHUGU AHAMAGARIRA URWARUKA GUSHINGA AMASHIRAHAMWE

UMUKURU W IGIHUGU AHAMAGARIRA URWARUKA GUSHINGA AMASHIRAHAMWE

Ibiro vy'intara ya Gitega vyatunganije kuri uno wa kabiri 04/05/2021 inama ku rwaruka mu ntumbero yokuzirikana igihugu hamwe no kugira uruhara mw'iterambere ry'uburundi.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste

Ndayishimiye yahamagariye urwaruka rwo ku murwa mukuru wa politike gufatira akarorero ku rundi rwaruka rumaze gushinga amahinguriro yarwo nk'abahinguye  umwuka  tuzi kw'izina rya  "biogaz".

Umukuru w'igihugu yongeye gusaba urwaruka kutifadikanya nabacafuza igihugu ahubwo ko bakwiye kuza barakiyaga neza hanyuma bagikorere nkuko ari igihugu cabo banacitwararike.