UMUKURU W'IGIHUGU C'UBURUNDI YAHAYE UMUBONANO ICEGERA C'UWUSERUKIRA IBANKI NKURU Y'ISI MUKARERE KA AFRIKA Y'UBUSERUKO

UMUKURU W'IGIHUGU C'UBURUNDI YAHAYE UMUBONANO ICEGERA C'UWUSERUKIRA IBANKI NKURU Y'ISI MUKARERE KA AFRIKA Y'UBUSERUKO

Ku kirimba kwa ntare kuri uyu wakane igenekerezo rya 24 Ruheshi 2021 mu mubonano Nyenicubahiro umukuru w'igihugu Varisito NDAYISHIMIYE yahaye icegera c'uwuserukira ibanki y'isi mu karere ka Afrika y'ubuseruko no mu bumanuko, Hafez Ghanem baganiriye kuvy'ugushigikira urwaruka, uburimyi n'ubworozi, hashingwe n'amahinguriro yo guhingura umwimbu.

 

Bongeye kandi baravugana ibijanye n'ugushigikira iterambere ry'umukenyezi.

Ibanki y'isi ikaba itegekanya kandi ko mu mwaka wa 2030 abarundi nka bose boba baronkejwe umuyagankuba; aho abahinga b'abarundi bakaba bagiye gukorana n'abahinga bo muri iyo banki kugira ngo barabire hamwe uko uwo mugambi woja mu ngiro.