UMUKURU W'IGIHUGU C'UBURUNDI YARASHIMIYE UMUKURU W'IGIHUGU CA TANZANIYA KU KAMO YATEYE ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU.

UMUKURU W'IGIHUGU C'UBURUNDI YARASHIMIYE UMUKURU W'IGIHUGU CA TANZANIYA KU KAMO YATEYE ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Rusama 2021,nyenicubahiro umukuru  w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yarashimiye umukuru w'igihugu kibanyi ca Tanzaniya Mama  Samia Suluhu Hassan.

Imvo ni uko Mama Samia Suluhu Hassan yateye akamo ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira rihagurukire ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya mu ntumbero yo gukuraho ibihano iryo shirahamwe rya Buraya ryafatiye igihugu c'Uburundi kuva mu mwaka wa 2016.

Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya Samia Suhulu Hassan yabishikirije Xia Huang intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe  mpuzamakungu ONU mu karere k'ibiyaga binini mu mubonano bagiraniye i Nairobi mu gihugu ca Kenya.

Nyenicubahiro umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye mukumushimira yabicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter.