UMUKURU W'IGIHUGU C'UBURUNDU YAHAYE UMUBONANO UMUNYAMABANGA MUKURU W' ISHIRAHAMWE RY' IBIHUGU VYA AFRIKA Y'UBUSERUKO.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Rusama 2021,nyakubahwa umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yahaye umubonano ku kirimba i Gitega umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'ubuseruko.

Nkuko bivugwa n'umuvugizi w'umukuru w'igihugu Evelyne Butoyi, Peter Mutuku Mathuki yari aje kumusangiza imigambi mikuru mikuru y'iryo shirahamwe.

Akamenyesha ko iryo shirahamwe rifise imigambi yo kwubaka amabarabara y'indarayi n'ibindi .

Nyenicubahiro umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yamwipfurije gukora kubwo guteza imbere ako karere.