UMUKURU W'IGIHUGU EVARISTE NDAYISHIMIYE YAGARUKIYE KU MIRYANGO INGANA 1317 YO MU GATUMBA

UMUKURU W'IGIHUGU EVARISTE NDAYISHIMIYE YAGARUKIYE KU MIRYANGO INGANA 1317 YO MU GATUMBA

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 Ruheshi 2021, Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye

yagendeye abatewe n'imyuzurira bagera ku miryango 1317  yegeranirijwe   muri site ya Sobel iri muri zone Maramvya Komine Mutimbuzi.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi yasavye abanyagihugu bo muri zone Gatumba komine  Mutimbuzi batewe n'amazi gutegura imitima ko bashobora kurondererwa ahandi hantu bashobora kuba .

Yari yagiye abashiriye imfashanyo igizwe n'ibifungurwa , ibikoresho vyo mu nzu ,amahema n'akabahasha .