Umukuru w'igihugu yatanze inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu ku ndongozi mu gipolisi

Umukuru w'igihugu yatanze inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu ku ndongozi mu gipolisi
Umukuru w'igihugu yatanze inyigisho zo kuzirikana no gukunda igihugu ku ndongozi mu gipolisi

Inyuma yaho Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, umukuru w'igihugu akaba na kizigenza w'ingabo abonaniye n'abarongoye abandi mu nzego za gisirikare mu nyigisho zo kuzirikana no gukundisha igihugu agaheza akabakeza kuba barafashe iya mbere mu mugambi wo gusubiza hamwe no kurekuriranira, mu kubona kumwe kahise k'U Burundi, mu gitondo c'uno musi naho Nyakwubaha Perezida  yatanze izo nyigisho ku barongoye abandi mu gipolisi.

Muri izo nyigisho umukuru w'igihugu yasavye izo ndongozi ko urwego rw'igipolisi rwoba ishingiro y'iterambere n'intwaro rusangi, ko urwoba urwego rubonwa neza kandi runywanisha.