UMUKURU W'ISHIRAHAMWE RY'UMUPIRA W'AMAGURU MU BURUNDI YAGIRISHIJE IKIGANIRO KUBANDITSI N'ABAMENYESHAMAKURU

UMUKURU W'ISHIRAHAMWE RY'UMUPIRA W'AMAGURU MU BURUNDI YAGIRISHIJE IKIGANIRO KUBANDITSI N'ABAMENYESHAMAKURU

Nkuko vyari bimaze iminsi binuganurwa vyamaze kumenyekana

Umukinyi Cedric Amissi asanzwe akinira umigwi wa Al Taawoun ngo azokina urukino rwa RCA ariko urwa Maroc ntazorukina, mu gihe Gaël Bigirimana  nawe azosiba urwa RCA ariko akine urwa Maroc.

Ivyo ngo bikaba vyavuye ku migwi basanzwe bakinira nk'uko vyamenyeshejwe na Nyakubahwa Hon. Révérien NDIKURIYO arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi FFB aho yariko aha ikiganiro abanditsi n'abamenyeshamakuru mu kanya gaheze.

Mu bindi yashikirije n'uko umumenyereza mukuru Jimmy NDAYIZEYE yatowe ikiza ca koronaviris ariko ko barindiriye ibipimo vyo ku wa kane kugira tumenye nimba yarakize canke akirwaye.

Ntiyagarukirije aho, yanamenyesheje abari ngaho ko hagiye gutangurwa kubakwa ikibuga co ku rwego rwa kijambere mu ntara ya Rumonge.