UMUNTU WESE NGO YOFASHA KUGIRA MURI 2025 NTIHAZOBE HAKIBONEKA ABANA BO MWIBARABARA.

1 / 1

1.

Ishirahamwe KIT HUB ryatunganije uruganda kuri ku bamenyeshamakuru kuri uyu wambere kugira ryerekane umugambi w' ubuhinga ngurukana bumenyi bise Naaraï buzotuma hamenyekana igitigiri c'abana bo mwibarabara maze bafashwe.

NIYERA Inès yatowe ngo abe umuserukizi w'iryo shirahamwe muri uyo mugambi atera akamo Umutambukanyi w'Umukuru w'Igihugu n'abandi babishoboye gufasha kugira mu mwaka wa 2025 ntihazobe hacibonekeza abana bo mw'ibarabara.