Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD mu gihugu ca Tanzaniya

Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD mu gihugu ca Tanzaniya
Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD mu gihugu ca Tanzaniya

Mu rugendo arimwo mu gihugu ca Tanzaniya, mu gitondo co kuri uyu wakane igenekerezo rya 25 Ntwarante 2021 , Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD mu Burundi Reveriyano NDIKURIYO nabo bagendanye bazindukiye i Chato mu ntara ya Geita akaba yakiriwe na Rodrick MPONGOL icegera c'umunyamabanga mukuru w'umugambwe uri k'ubutegetsi CCM (Chama Cha Maminduzi)

 

Kabaye akaryo keza ko kwandika mugitabo c'iteka co gusezera irya nyuma no guhoza Abatanzaniya ,umugambwe CCM eka n'umuryango wanyakwigendera yahoze ayoboye igihugu ca Tanzaniya Dogiteri John Pombe Magufuli