Umurundikazi DJ Alida mu mateka ya #DJBattlesAfrica

Umurundikazi DJ Alida mu mateka ya #DJBattlesAfrica

Idarapo ry'uburundi ribandanya rihungabana mu makungu

Dj Alida yaraye yiteye iteka yongera aritera igihugu camwibarutse mu gutahukana amafaranga angana 500.000cfa.

Ako ni ko gashimwe yaraye atahukanye mu gutorwa mu kibaza ca kabiri c'ihiganwa  #DJBattlesAfrica cabereye mu gisagara c'i Abidjan mu gihugu ca Côte d'Ivoir.

Ico twobamenyesha ni uko muri iryo higanwa ry'abavuza indirimbo mu biroro DJ Alida akaba atiwe mwigeme wenyene yari yaserutse abandi bakaba bari abagabo.