UMUSI MUKURU W'INTAMA EID AL-ADHAA MU NTARA YA KIRUNDO.

1.

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 Mukakaro 2021,kw'isi yose abahurikiye mu muryango waba Islam bahimbaje umusi w'Intama Eid al-Adhaa.

Hano mu Burundi uwo musi mukuru ubibutsa igihe intumwa y'Imana Ibraham yatanga umwana wiwe Isaka (Ishmael )nk'ikimazi k'Uhoraho hanyuma Imana ikaca imuha intama avariyo atanga mu kibanza c'umwana wiwe  ukaba wahimbajwe mu ntara zose zigize igihugu.

Mu ntara ya Kirundo , Buramatari w'iyo ntara Albert Hatungimana yifadikanije n'aba Islam bo muriyo ntara .

Mu mpanuro yabahaye yababwiye ko bosabikanya n'abandi ivyo baronse ,kubandanya bitabira mugukirikiza  amabwirizwa bahabwa n'ababijejwe mu kwikingira Covid-19 no guterera umuganda mu bikorwa vy'iterambere kugira ribandanye gusasagara mu Kirundo. 

Ivyo bikaba vyabereye kuri stade Bushaza .