UMUTAMBUKANYI W UMUKURU W IGIHUGU YAKIRIYE MU BIRO IWA ABIGEME BATOWE MW'IHIGANWA MISSBURUNDI2021

UMUTAMBUKANYI W UMUKURU W IGIHUGU YAKIRIYE MU BIRO IWA ABIGEME BATOWE MW'IHIGANWA MISSBURUNDI2021

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 21 Ndamukiza 2021 , abigeme batowe muri MissBurundi 2021 bakiriwe n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline  Ndayishimiye. MissBurundi Iteka Livia Thiana  akaba yari kumwe n'ivyegera vyiwe bibiri Berry Bernice na Saba Sabrina Nshimirimana mbere hamwe na Miss Popularity Dative Uwimana.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu yamenyesheje ko yakiriye abo bigeme mu ntumbero yo kubashigikira mu migambi yabo isanzwe inahuye n'intumbero yishirahamwe ry'abakenyezi b'abakuru b'ibihugu ba Afrika  asanzwe ariwe arirongoye mu Burundi (OPDAD BURUNDI) hamwe n'imigambi ya Fondation Umugiraneza naryo nyene asanzwe arongoye.

Yabamenyesheje ko bameze nk'ishurwe  ry'iroza kuko naho ari ryiza ryama ku giti c'amahwa. Ati ayo mahwa ni intambamyi zijanye n'ibi bihe barimwo kuko hari abibaza ko batowe muri MissBurundi kugira babagomwe babakoreshe ibitarivyo ati sivyo nagato ahubwo ko ihiganwa MissBurundi ryashatse ko haba umwigeme mwiza aciye ubwenge kandi agagararira ishusho y'ukuri kandi nziza y'umurundikazi.

Mukubasezera umutambukanyi w'umukuru w'igihugu yabahaye akabahasha ko kubashimira ku butwari n'ubukerebutsi berekanye mw'ihiganwa rya MissBurundi 2021.


MissBurundi2021 Livia Iteka kw'izina ryabo bagendanye yashimye iteka batewe ryo kwakirwa n'umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, ku nyigisho eka no kumpanuro zijanye n'iki kiringo barimwo eka no kukabahasha yabaronkeje.

MissBurundi2021 yarangije amushima ikibanza bahawe co kuza barakoreramwo inama mu ntumbero yo gushinga Coperative y'abo.