URUBIBE RWA GATUMBA NAHO RWUGURUWE BARAVUGA KO ATARUJA N'URUZA RUHARI.

URUBIBE RWA GATUMBA NAHO RWUGURUWE BARAVUGA KO ATARUJA N'URUZA RUHARI.

Bamwe mubunguruza abantu n'ibintu bakorera ku gituro c'imiduga ija mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo kiri  kw'isoko benshi bazi kw'izina ryo" kwa Siyoni " basaba leta kugabanura amafaranga arihwa kurubihe rwa Gatumba.

Abo bunguruza abantu n'ibintu bavuga ko umuntu apimwe umugera wa Corona ariha ibihumbi 15 bisabwa ku Barundi n'amadorare y'amanyamereka 30 ku banyamahanga ari menshi urupapuro narwo bahabwa rwerekana ko batagwaye rumara amasaha 24 ariko muri Kongo hoho basabwa amadorare 5 urwo rupapuro narwo rukamara imisi 14.   

Ivyo bikaba vyabaye intambamyi ku rabo bunguruza abantu n'ibintu kuko ataruja n'uruza ruhari ku urubibe rwa Gatumba naho rwuguruwe.