URUBIBE UBURUNDI BUHANA NA KONGO RUGIYE KUGURURWA VUBA

URUBIBE UBURUNDI BUHANA NA KONGO RUGIYE KUGURURWA VUBA

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Rusama 2021, icegera c'uwurongoye umurwi w'igihugu ujejwe kugwanya ikiza ca Covid 19 yamenyesheje ko urubibe Uburundi ruhana n'igihugu ca Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Kongo  mu Gatumba ruzokugururwa kw'igenekerezo rya 1 mu kwezi buca dutangura kwa 6.

Ivyo akaba yabivuze mu inyuma y'urugendo intumwa za Reta zagize mu ntumbero yo kuraba aho inyubako zo gupima uwo mugera zigeze.  

Thaddée Ndikumana, umushijiranganji w'amagara y'abantu nukugwanya SIDA yamenyesheje ko izindi mbibe zose harimwo urwa Kanyaru ko ari ukurindira iyugururwa zazo.