URUBIBE UBURUNDI RUHANA NA CONGO RUGIYE KWUGURURWA

URUBIBE UBURUNDI RUHANA NA CONGO RUGIYE KWUGURURWA

Mugihe kuri uyu wambere igenekerezo rya 3 Rusama 2021 hari hakoranye inama yabagize komite ijejwe kugwanya ikiza koronaviris mu burundi, umushikiranganji w'amagara y'abantu n'ukugwanya ikiza SIDA Muganga Thadée Ndikumana yamenyesheje ko urubibe uburundi ruhana n'igihugu ca Congo ruri mu Gatumba muri komine Mutimbuzi rugiye kwugururwa vuba ariko ntiyashoboye kuvuga umusi bazukwugururirako urwo rubibe.

Bamwe n'abandi bakaba bashimiye iyo ngingo yafashwe ba gasaba ko imvugo yojana n'ingiro .