URUGENDO RWANYUMA RURANGIZA INGENDO YARAMAZEMWO IMISI MU NTARA ZOSE Z'UBURUNDI.

URUGENDO RWANYUMA RURANGIZA INGENDO YARAMAZEMWO IMISI MU NTARA ZOSE Z'UBURUNDI.
URUGENDO RWANYUMA RURANGIZA INGENDO YARAMAZEMWO IMISI MU NTARA ZOSE Z'UBURUNDI.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 2021, Umunyamabanga mukuru w'umugambwe  CNDD-FDD Reveriyano NDIKURIYO yagendeye abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura mu ngendo yaramazemwo ukwezi kwose muntara zose zigize igihugu c'uburundi.

Urwo rugendo rwatangujwe n'ugushira ingori z'amashurwe kuntatemwa y'umuhisi generari Adolphe NSHIMIRIMANA iri muri zone kamenge komine  Ntahangwa

Abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura bava mu makomine atatu agize ico gisagara bakaba bamwakiranye ivyishimo ntangere kuko nawe yaberetse urukundo afitiye abanyagisagara ca Bujumbura.

Yaciye afata akanya k'inama yo mumwiherero ari kumwe n'indongozi z'umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura mu nyubakwa Nyabagere Conference Center.


Mwomenya ko urwo rugendo arirwo rwanyuma rwa rangije ingendo yaramazemwo imisi akora mu ntara zigize igihugu.