URUGO RWANJE NI FILM NSHASHA YANDITSWE YA PATRICK AMEDE.

1.

URUGO RWANJE ni Film nshasha yanditswe na KANYAMUNEZA PATRICK AMEDE.

Nkuko bimenyeshwa n'umuhagarikizi w'iryo  reresi ngo ni Film ivuga ku nkuru y'umugabo yakoze ubugeni atagira akazi. Uyo mugabo n'umugore baciye mu bibazo bitari bike, ariko bagumye bakundana.


Umugore ahembwe yashikiriza umushahara wose umugabo havuyemwo ikigiracumi conyene.
Igihe kimwe vyose birahinduka, umugabo nawe araronka akazi
Inyuma y'igihe akazi yaronse karamurungitse gukorera mu mahanga
Umugore harageze igihe yriko arondera muma dossiers y'umugabo asanga impapuro zose yaguriyeko ibintu, nka terefone, imodoka, urupango n'inzu vyose yabiguze kw'izina ry'umugore
Mu nyuma abona agakete yasize amwandikiye ati: "Umugore wanje ni vyose kuri jewe, n'ibi bintu naguze ntanakimwe kinganya valeur n'urukundo ndamukunda"
Kuko vyose nabironse kubwiwe
Film yaraheze gukorwa.

Uyo yahagarikiye ireresi URUGO RWANJE abandanya avuga ko igikorwa co Kuyishira ku mugaragaro kizoba, ariko kandi ngo babanje gukora synopsis yayo ibanze imenyekanishe igikorwa kiriko kiraza vuba
Muri kino gihe bariko baravugana n'umu bailleur yemeye kudufasha icerekeye lancement officiel vuba cane inyishu izotangwa vuba.

PATRICK AMEDE ahamagarira  abakunzi ba film n'uko bofata mu mugongo abakinyi bazo haba mu buryo, mu kubaterera ivyiyumviro n'ibindi kugira ngo bashobore gukomeza igikorwa co gukina film kuko si igikorwa coroshe.