YACIRIWE UMUNYORORO WO GUFUNGWA UBUZIMA BWIWE BWOSE UMUSIRIKARE WIPETE YA KAPURARE CHEF

YACIRIWE UMUNYORORO WO GUFUNGWA UBUZIMA BWIWE BWOSE UMUSIRIKARE WIPETE YA KAPURARE CHEF

Mu rubanza rw'ikibiriraho sentare y'intango y'igisirikare yashashe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ndamukiza 2021 yahanishije umunyororo wo guherayo umusirikare w'ipete ya kapurare chef Éric Nzobakenga yagiriwe n'icaha co kwica yabiteguye akongera akabishira mu ngiro

Iyo sentare ikaba yamuciriye igihano cogufungwa ubuzima bwiwe bwose n'indishi yakababaro k'imiriyoni mirongo ibiri.

Ico caha kikaba cabaye mw'ijoro ryo ku wa kabiri igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2021 aho uyo musirikare yarasiye umuntu mu bunywero bw'i Mukoni muri komine Muyinga intara ya Muyinga.