ZERO N'INDIRIMBO NSHASHA YA LOLILO.

1 / 1

1.

Nyuma y'igihe gito umuririmvyi Niyonzima Salum abenshi bita LOLILO, aseruye imyidogo yiwe, aho yasavye umuririmvyi mugenzi we Mugani Desire FARIAZ ko yoshira ahabona indirimbo aguma yemerera Abakunzi biwe. 

Muri uko kwidoga uyo muririmvyi yari yarahiye ararengwa ko mugihe FARIAZ atoshira ahabona ibikorwa yakoreye muri Tanzaniya nawe indirimbo agiye Gusohora ko yosohoka atamasanamu ifise.

Icatangaje abantu benshi n'uko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Ruheshi 2021 ariho hasohoka indirimbo ZERO irikumwe n'amasanamu. 

https://youtu.be/eKkioSbogu4

LOLILO akoresheje imbuga ngurukanabumenyi ziwe yagize ati" Huyu ni muda wa kunguurumaa.Iyo clip vidéo y'indirimbo ZERO ikaba ikoze neza , ifise n'amasanamu meza.